Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Twoba dukwiye guhagarika ubucuti? (Igice ca 1)

Twoba dukwiye guhagarika ubucuti? (Igice ca 1)

 Rimwe na rimwe biraba vyiza muhagaritse ubucuti. Rimbura ivyashikiye umwigeme yitwa Jill. Avuga ati: “Mu ntango vyarandyohera kubona umukunzi wanje yaguma ambaza aho ndi, ico ndiko ndakora be n’abo turi kumwe. Ariko vyarashitse aho ata wundi twashobora kumarana umwanya atari we gusa. Mbere yarafuha igihe naba maranye umwanya n’umuryango wanje, na canecane papa. Igihe nahagarika ubucuti twari dufitaniye, numvise umengo ndemuruwe umutwaro uremereye!”

 Uwitwa Sara na we nyene yarashikiwe n’ikintu nk’ico. Yaratanguye kubona ko umusore bakundana yitwa John yari umuntu ahemana, agoye gushimisha kandi atagira urupfasoni. Sara avuga ati: “Igihe kimwe yaraje i muhira yacerewe amasaha atatu! Igihe mama yaja kumwugururira, nta n’ico yamuvugishije, ahubwo yaciye avuga ngo: ‘Ingo tugende, twacerewe.’ Aho kuvuga ngo ‘Nacerewe,’ yavuze ngo ‘Twacerewe.’ Yari akwiye gusaba ikigongwe canke agasigura icatumye acererwa. N’iyo apfuma agaragariza icubahiro mama hoho!”

 Ego ni ko, gaciyemwo umuntu agakora ikintu kikubabaza canke akaba afise akanenge kanaka, si ngombwa ngo muce muhagarika ubucuti mwari mufitaniye. (Zaburi 130:3) Ariko rero igihe Sara yabona ko John yari afise ingeso yo kubura urupfasoni, yaciye afata ingingo yo guhagarika ubwo bucuti.

 Nk’uko vyashikiye Jill na Sara, wokora iki hamwe wobona ko uwo mukundana atokubera umunega canke umukenyezi mwiza? Nimba ari ukwo biri, ntuhatireko! Vyoba vyiza uhagaritse ubwo bucuti naho bitoroshe kwemera. Mu Migani 22:3 hagira hati: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.”

 Ni ivy’ukuri ko guhagarika ubucuti vyoshobora kuba ibitoroshe. Ariko uribuka ko umubano ari ubucuti bwamaho. Wopfuma umara igihe gito ubabaye ubu hako uzomara ubuzima bwawe bwose wicuza!