Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Gukinisha urukundo hoba hari ico bitwaye?

Gukinisha urukundo hoba hari ico bitwaye?

 Bisigura iki?

 Abantu bamwebamwe biyumvira ko gukinisha urukundo ari nko kwereka uwo mudasangiye igitsina ko umukunda, ukabigira biciye mu vyo uvuga canke mu vyo ukora. None kwereka umuntu ko umukunda ni bibi? Si ngombwa. Umugore akiri muto yitwa Ann avuga ati: “Nimba ugeze kwubaka kandi ukaba waronse uwo wiyumvamwo, none hari ukundi womenya ko na we nyene akwiyumvamwo?”

 Mugabo muri iki kiganiro, tuza kuvuga ibijanye no kwereka umuntu ko umukunda ariko vy’ukuri ata mugambi ufise w’uko mwubakana.

 “Ni ibisanzwe kwereka umuntu ko umukunda igihe ufise umugambi w’uko muzobana. Ariko ivyo biratandukanye no gutuma yiyumvira ko umukunda hanyuma ugaca ubivamwo kubera ata mugambi wari ufise w’uko mubana.”​—Deanna.

 Kubera iki bamwebamwe babigira?

 Hari ababigira kubera ukwiyemera. Umugore akiri muto yitwa Hailey avuga ati: “Umaze kubona ko ushobora gutuma umuntu akwiyumvamwo, uca wumva umengo wobigira no ku bandi.”

 Igihe weretse umuntu ko umukunda kandi atari vyo, ntuba witwararitse ukuntu yiyumva. Na wewe nyene uba werekanye ko utiyubaha. Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu ni umunezero ku wutagira umutima.”—Imigani 15:21.

 Ni co gituma Hailey asozera ati: “Mu ntango womenga nta co bitwaye, ariko akenshi bihera nabi.”

 Ni akaga akahe karimwo?

  •   Biragusiga iceyi.

     “Umuntu afise iyo ngeso atuma abandi babona ko ata co amaze be n’uko atarakura mu mutwe. Urabona ko atariko akubwiza ukuri, ahubwo ko afise ivyo akuronderako.”​—Jeremy.

     Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​ —1 Abakorinto 13:4, 5.

     Zirikana kuri iki kintu: Ni ibiki vyotuma abandi biyumvira ko ukinisha urukundo?

  •   Birababaza uwubigirirwa.

     “Umuntu akinisha urukundo sinshaka no kumwegera. Uca umenga ariko amvugisha kubera gusa ndi umukobwa. Abantu nk’abo ntibaba bankunda vy’ukuri; baba bashaka gusa kwiyemera.”​—Jaqueline.

     Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.”—1 Abakorinto 10:24.

     Zirikana kuri iki kintu: Vyoba birashika ukiyumvira ko umuntu agukunda na ho shwi? Nimba vyarashitse, wumvise umerewe gute? Wokwirinda gute kubabaza abandi muri ubwo buryo?

  •   Niwashaka kwubaka, bizokugora kuronka uwo mwubakana.

     “Sinopfa nubakanye n’umuntu akinisha urukundo canke ngo tunareshanye. Umuntu nk’uwo ahisha ico ari, biragoye kumumenya neza canke kumwizigira.”​—Olivia.

     Muri Bibiliya, umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: “[Ndirinda] abanyegeza ico bari.”—Zaburi 26:4.

     Zirikana kuri iki kintu: Umuntu akinisha urukundo yoshimwa n’abantu bameze gute? Nawe uripfuza gushimwa n’abantu nk’abo?