Ja ku birimwo

Ko ngomwa abo dusangiye igitsina, vyoba bisobanura ko ndi mu baryamana n’abo basangiye igitsina?

Ko ngomwa abo dusangiye igitsina, vyoba bisobanura ko ndi mu baryamana n’abo basangiye igitsina?

 Haba namba!

 Ikintu c’ukuri: Kugomwa abo musangiye igitsina akenshi usanga ari ikintu gusa c’akanya gatoyi.

 Lisette w’imyaka 16, uwahoze agomwa umukobwa nka we, ni ko yasanze bimeze. Avuga ati: “Biciye ku cigwa c’ibinyabuzima nize kw’ishure, naramenye ko mu myaka y’ubuyabaga, urugero rw’inkabuzo zo mu mubiri rushobora kuza rurahindagurika cane. Niyumvira ata kwihenda yuko iyaba abakiri bato bazi vyinshi ku bijanye n’imibiri yabo, botahuye yuko kugomwa uwo musangiye igitsina ari ikintu c’akanya gato, kandi vyotuma batiyumvamwo ko babwirizwa kuba abantu baryamana n’abo basangiye igitsina.”

Abakiri bato bose bategerezwa guhitamwo gukurikira inzira nziza Ijambo ry’Imana ribereka canke kwisunga ukuntu isi ibona ibijanye n’igitsina mu buryo bugoramye

 Ariko bite ho hamwe ukwo kugomwa uwo musangiye igitsina bisa n’aho atari ikintu c’akanya gatoyi? Ntibwoba ari ububisha none Imana isavye umuntu agomwa abo basangiye igitsina ngo yirinde kuryamana na bo?

 Nimba wishuye ego kuri ico kibazo ca nyuma, urakwiye kumenya yuko ico kintu gishingiye ku vyiyumviro bitari vyo vy’uko ngo abantu bategerezwa kugira uko inambu y’umubiri igize. Bibiliya iratera iteka abantu mu kubakura amazinda yuko bashobora guhitamwo kudahaza inambu yabo y’umubiri itabereye.​—Abakolosayi 3:5.

 Bibiliya ntirenza urugero. Gusa, itegeka abipfuza kuryamana n’abo basangiye igitsina gushitsa ikintu nyene gisabwa ku bipfuza kuryamana n’abo badasangiye igitsina, na co kikaba ari ‘uguhunga ubusambanyi.’ (1 Abakorinto 6:18) Ico womenya co, abantu amamiliyoni bagomwa abo badasangiye igitsina barigumya naho boshikirwa n’inyosha mbi zimeze gute kubera bipfuza kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Abagomwa abo basangiye igitsina na bo nyene barashobora kubigenza gutyo nimba bipfuza koko guhimbara Imana.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.