Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kuki noba maso ku bahungu berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 2: Vyerekeye abahungu

Kuki noba maso ku bahungu berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 2: Vyerekeye abahungu

Abahungu bakunze kwerekanwa gute mu binyamakuru?

  Raba ayo majambo, uce wishura ibibazo bikurikira.

Inkingi ya 1

Inkingi ya 2

Umugarariji

Yubaha

Yikunda

Umwizigirwa

Atagira ikinya

Umunyempuhwe

Ikinebwe

Umunyamwete

Ata co anezwe

Yitaho ibintu

Umubeshi

Atabesha

  1.   Ni amajambo ayahe adondora abahungu ukunze kubona mu binyamakuru (mu masinema, kuri televiziyo, no mu mahayanishwa)?

  2.   Ni amajambo ayahe adondora ukuntu wewe woshima ko bakumenya?

 Kumbure inyishu watanze ku kibazo ca mbere zavuye mu nkingi ya 1, izo watanze ku kibazo ca kabiri na zo mu nkingi ya 2. Nimba ari ukwo biri, ni vyiza. Uti kubera iki? Kubera ko ukuntu ibinyamakuru bidondora abahungu gushobora kuba atari kwo umeze vy’ukuri, canke atari kwo ukwiye kumera. Raba igituma.

  •   Akenshi ibinyamakuru bidondora abahungu ko ari inkazi n’abagarariji. Igitabu kimwe (Why Boys Don’t Talk​—and Why It Matters) kivuga ko kenshi abahungu berekanwa kuri televiziyo, mu masenema no mu vy’inkino ari barya “bafise inguvu nyinshi, bacura bufuni na buhoro abandi. . . . Aho baba bashaka kwerekana ko kugira ngo abahungu bashimwe n’abandi bategerezwa kuba ari inkazi n’abagarariji.”

     Zirikana gatoyi: Kuba inkazi vyoba vyotuma ubera abandi umugenzi mwiza, umukozi mwiza, canke umunega mwiza? Iyo usomborokejwe, ni igiki kica kikuzamwo? Kwihora canke kwigumya? Ni igiki cokwerekana ko uri umuhungu nyawe?

     Bibiliya igira iti: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi, kandi uwucungera umutima wiwe aruta uwufata igisagara.”—Imigani 16:32.

    Ushoboye gucungera ishavu ryawe, uba ukomeye kurusha umurwanantambara

  •   Ibinyamakuru vyerekana ko abahungu batwawe n’ivy’igitsina. Chris w’imyaka 17 avuga ati: “Mu masinema no kuri televiziyo, abahungu bahindagura abakobwa bakundana kuruta uko bahindura impuzu.” Gary w’imyaka 18 we ntayivuza ayica umurya. Avuga ati: “Mu binyamakuru umuhungu nyawe ni uwatwawe n’ivy’igitsina.” Nk’akarorero, amasinema amwamwe atuma umuntu abona ko ikintu ca mbere umuhungu ashira imbere ari ugusohokana n’abagenzi, kunywa no gushurashura.

     Zirikana gatoyi: Ivyerekanwa mu binyamakuru vyoba bidondora abahungu nk’uko wipfuza kumera? Umugabo nyawe yoba afata abakenyezi nk’aho ari abo kwimarirako inambu y’umubiri, canke abafatana icubahiro?

     Bibiliya igira iti: “Umwe wese muri mwebwe [amenye] kuganza umubiri wiwe bwite mu kwezwa no mw’iteka, atari mu nambu y’umubiri y’intahomwa.”—1 Abatesalonika 4:4, 5.

  •   Ibinyamakuru vyerekana ko abahungu ata co banezwe. Mu masinema menshi akundwa cane no kuri televiziyo, abahungu b’imiyabaga kenshi berekanwa ari ibinebwe kandi ata co bashoboye. Kumbure ni co gituma abakuze benshi batizigira abahungu b’imiyabaga. Umwe Gary twavuga avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 16, ntivyanyoroheye kuronka akazi kuko abakoresha benshi bo mu karere mbamwo bashaka gukoresha abakobwa gusa. Babona ko abahungu b’imiyabaga bose ata co banezwe kandi batizigirwa!”

     Zirikana gatoyi: Kuba abahungu b’imiyabaga berekanwa ko ata co banezwe kandi batizigirwa vyoba vyumvikana? Wokwerekana gute ko utameze nk’abo berekanwa?

     Bibiliya igira iti: “Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe. Ahubwo, nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.”—1 Timoteyo 4:12.

Ico ukwiye kumenya

  •    Ibinyamakuru birashobora kukwosha nabi. Nk’akarorero, ibinyamakuru birashobora gutuma wumva ko ukeneye kwigana umuderi kanaka ugezweho kugira ngo ushimwe n’abandi. Colin w’imyaka 17 avuga ati: “Mu mahayanishwa barerekana ukuntu abahungu bokwambara bagaca berekana abakobwa babatamariye. Bituma umuntu aca yumva yoja kugura mwene izo mpuzu. Ivyo narabigize incuro nka zingahe!”

     Zirikana gatoyi: Ukuntu wambara kwoba kugaragaza uwo uri vy’ukuri, canke usigaye wigana abandi? Ni nde vy’ukuri yunguka igihe uguma utanga amahera yawe kugira ngo ugure impuzu zigezweho?

     Bibiliya igira iti: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe.”—Abaroma 12:2.

  •   Kwigana barya bahungu berekanwa mu binyamakuru birashobora vy’ukuri gutuma abakobwa batagukunda. Raba ivyo bamwe muri bo bavuze:

    •  “Nohitamwo umuhungu yifata nk’uko asanzwe ari aho guhitamwo uwugomba kwiyerekana kugira gusa atume abandi bamutamarira. Mu vy’ukuri, umuhungu aguma arondera ko abandi bomutamarira nta handi bimushikana atari guteterwa!”​—Anna.

    •  “Amahayanishwa atuma abahungu biyumvira ko bategerezwa kuba bafise ibikoresho kanaka vya elegitoronike canke baboneka ukunaka kugira abakobwa babashime. Ariko uko abakobwa bagenda barakura, ntibaba bakiraba mwene ivyo bintu. Ahubwo, baraba kamere umuntu afise n’ingene afata abandi. Nk’akarorero, abakobwa barakunda abahungu b’imvugakuri kandi b’abizigirwa.”​—Danielle.

    •  “Akenshi, abahungu bitwa ko basa neza usanga bishima, kandi sinoshima kwifatanya n’umuhungu nk’uwo. Ushobora kuba ari wewe muhungu mwiza gusumba abandi bose kw’isi, ariko sinogukunda igihe woba ufise kamere mbi.”​—Diana.

     Zirikana gatoyi: Bibiliya mu kudondora ka gahungu Samweli, ivuga iti: “Karushiriza gukura no gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.” (1 Samweli 2:26) Ni kamere izihe ukeneye gutsimbataza kugira ngo uvugwe neza gutyo?

     Bibiliya igira iti: “Mube abagabo.”—1 Abakorinto 16:13.

Ico wokora

  •    Ntiwemere ivyerekanwa mu binyamakuru vyose. Raba iki kintu Bibiliya ivuga: “Ikiri mw’isi cose—icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho—[ntigi]komoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi.”—1 Yohani 2:16.

     Ibinyamakuru birafatira kuri ivyo vyipfuzo, kandi vyerekana ko ari ibisanzwe. Rero niwige kutemera ivyo ubonye vyose. Ibintu ubona mu binyamakuru ni ivyo abadandaza bagira kugira gusa bironderere amahera.

  •   Niwihitiremwo. Bibiliya ivuga iti: “Mwambare wa muntu mushasha, umwe agirwa mushasha hisunzwe ishusho y’Uwamuremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa,” ntimwisunge ishusho yerekanwa mu binyamakuru.​—Abakolosayi 3:​10.

     Kugira ngo tugufashe gukurikiza iyo mpanuro, nusubire uzirikane kuri za kamere wahitamwo mu ntango z’iki kiganiro, za kamere woshima kuba ufise. Ubona gute utanguye ubu kugerageza kuzigira canke kuzitsimbataza?

  •   Nurondere abantu bokubera akarorero keza. Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.” (Imigani 13:20) Ni abagabo abahe wewe uzi berekana ko ari inkerebutsi? Bamwe bashobora kuba ari abo mu muryango wanyu, nka so wawe canke sowanyu kibure muyomba wawe. Abandi boshobora kuba abagenzi bawe b’abahungu mugabo bahumuye. Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova hariyo abagabo benshi b’intangakarorero wokwigana. Bibiliya ubwayo irimwo abantu bokubera akarorero, nka Tito, uno akaba yarasigiye abakiri bato akarorero keza.​—Tito 2:​6-8.

     Inama tukugiriye: Nukoreshe igitabu Niwigane ukwizera kwabo kugira umenye uburorero bwiza buvugwa muri Bibiliya bw’abagabo, nka Abeli, Nowa, Aburamu, Samweli, Eliya, Yona, Yozefu, na Petero.