Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 3)

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 3)

 Imyaka y’ubuyabaga akenshi usanga ijana no kugira amagara meza be n’inguvu nyinshi. Yamara, hari imiyabaga usanga ata vyinshi bakora bitewe n’indwara zikomeye. Ivyawe vyoba vyifashe gutyo? Nimba ari ukwo biri, urashobora kuremeshwa n’ivyashikiye V’loria, Justin, na Nisa; abo bose uko ari batatu bakaba ari Ivyabona vya Yehova. Raba ingene bihanganira indwara zikomeye bafise.

 V’loria

 Igihe nari mfise imyaka 14 niho nafatwa n’indwara ifata imitsi yo mu ngingo (fibromyalgie). Igihe nari mfise imyaka 20 na ho mfatwa kandi na rumatizime, indwara yitwa lupus, be n’iyitwa Lyme. Biragoye gukora ibintu vyose ushaka gukora igihe wama wumva ko ufise intege nke. Narageze aho mba paralize mu kiyunguyungu kumanuka maze biba ngombwa ko nkoresha agakinga k’abamugaye.

 Icunyuye ingorane nari mfise z’amagara ni uko nababazwa cane no kuba ntari nshoboye no gukora utuntu dusanzwe nko kwandika canke gupfundurura isorori. Narabona abana bariko baragendagenda nkababazwa no kubona atavyo nogira. Numva ko ataco nshoboye.

 Ndashima kubona nari mfise abamfasha, atari abo mu muryango gusa ariko n’abo mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova nsanzwe ndimwo. Abo mw’ishengero akenshi baraza kundaba, ivyo bikaba vyaratuma numva ko ntari jenyene. Hari n’abantumira ku manza naho nyene bitanyorohera kuva ku gakinga kanje kugira ngo ninjire mu muduga no kugira ngo mve muri wo nje ku gakinga kanje.

 Abageze mu za bukuru mw’ishengero ni bo canecane bamfashije kubera ko ari bo batahura ico bisobanura kugira amagara make. Baramfashije kwemera ko hari ivyo ntashoboye no kutiyagiriza igihe ntashoboye gukora vyinshi nk’abandi. Ndarushiriza kugira umunezero igihe mba ndi ku makoraniro no kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Abaheburayo 10:25) Muri ivyo biringo, ndatahura ko ataho ntandukaniye n’abandi naho mfise indwara nyinshi.

 Nguma nibuka ko Yehova aduha ivyo dukeneye kugira ngo twihangane. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga yuko naho umuntu turi inyuma ariko arashira, umuntu turi imbere arashobora kuguma “agirwa mushasha ku musi ku musi.” (2 Abakorinto 4:​16) Uko nyene niko niyumva!

 Ikibazo co kuzirikanako: Nimba urwaye indwara ikomeye, ni kubera iki bihambaye ko wifatanya n’abandi? Nimba ufise amagara meza, wofasha gute umuntu arwaye?​—Imigani 17:17.

 Justin

 Naraguye hasi kandi vyaranse ko mvyuka. Numva mu gikiriza ata kigenda kandi sinashobora kwikakaza. Baciye banjana aho bavurira indembe. Ubwa mbere abaganga, ntibashoboye gutora ingorane nari mfise. Ariko inyuma y’aho binshikiye akatari gake, baratoye indwara yitwa Lyme.

 Iyo ndwara yaragize ico ikoze ku bwonko no ku mitsi nsozabwenge. Ivyo bituma, nguma njugumira, rimwe na rimwe nkabura ico nokora ngo ndabihagarike naho haciye imyaka itari mike batoye iyo ndwara. Hari imisi umubiri undya canke intoke zikandya cane ku buryo ntashobora kuzipfunya canke kuzigorora, nkumva umengo mu ngingo hatimvye.

 Narigeze kwibaza nti: ‘Ndacari muto ku buryo ntorwara iyi ndwara,’ kandi ivyo vyaranshavuza. Nta musi wijana ntarize nsaba Imana, ndayibaza nti: “Kubera iki ibi biriko biranshikira?” Naratanguye mbere kwiyumvira ko Imana yari yarampevye. Ariko mu nyuma narazirikanye ku nkuru ya Yobu avugwa muri Bibiliya. Yobu ntiyatahura neza igituma yariko arashikirwa n’ingorane nyinshi yamara yagumye ari umwizigirwa ku Mana. Nimba Yobu yarashoboye kuguma ari umwizigirwa kandi yariko anyinyana n’ingorane zikomeye, na jewe nobishobora.

 Abakurambere bo mw’ishengero ndimwo baramfasha cane. Bama barondera kumenya amakuru mu kumbaza ukuntu niyumva. Hari umukurambere umwe yambwiye ko nto kwitinya kumutelefona igihe cose noba ndamukeneye isaha iyo ari yo yose. Ndakengurukira Yehova buri musi kuba yarampaye abagenzi nk’abo!​—Yesaya 32:​1, 2.

 Rimwe na rimwe iyo turiko turanyinyana n’indwara ikomeye, turibagira ko Yehova azi ingorane turiko turacamwo. Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Ivyo nyene ni vyo ngerageza gukora buri musi.

 Ikibazo co kuzirikanako: Ni gute abantu bagukunda bashobora kugufasha kwihanganira indwara?​—Imigani 24:10; 1 Abatesalonika 5:​11.

 Nisa

 Igihe nari mu myaka y’ubuyabaga, barantoye indwara yitwa syndrome de Marfan: Iyo ikaba ari indwara ifatira mu ngingo z’umubiri, igatuma umuntu agoyagoya. Iyo ndwara irashobora kandi gutuma umuntu arwara umutima, amaso, be n’ibindi bihimba vy’umubiri bihambaye. Ntimbabaza imisi yose, ariko iyo bishitse, ndapfa ngahwera.

 Igihe namenya ko ndwaye iyo ndwara, nararize umwosori urandenga. Naraganya no kubona ntazoshobora gukora ibintu vyose nahora mpimbarwa no gukora. Nk’akarorero, narakunda gutamba, kandi kwiyumvira yuko hari igihe nogize ububare bwinshi kubera gutamba, mbere ko no gutambuka vyotumye mbabara cane, vyatumye ntinya kazoza.

 Mwene wacu yaranshigikiye cane. Yaramfashije kuvyifatamwo neza muri ico kiringo numva ko nigorewe. Yambwiye ko ntakwiye kugira ubwoba, kubera ko vyokwunyuye ingorane yanje. Yarandemesheje kandi ko noguma nsenga, kubera ko Yehova ari we wenyene azi akongera agatahura ingorane yanje.​—1 Petero 5:7.

 Icanditswe kimwe candemesheje cane ni Zaburi 18:6, iyigira iti: “Mu marushwa yanje, naguma nambaza Yehova, kandi Imana yanje naguma ndayitabaza. Nuko yumva ijwi ryanje iri mu rusengero rwayo, ugutabaza kwanje imbere yayo kuraheza gushika mu matwi yayo.” Uwo murongo waramufashije gutahura ko igihe nsenze Yehova ndamusaba ngo amfashe kwihangana, anyumva kandi akamfasha. Yama yiteguriye kumfasha.

 Naratahuye ko ari ibisanzwe kwumva tubabaye canke mbere tukanashavura kubera icago cadushikiye, dukire gusa kutareka ngo ivyo bitume ingorane dufise zunyuka canke ngo vyonone ubucuti dufitaniye n’Imana. Imana si yo iduteza ingorane, kandi ntizokwigera iduheba igihe cose tuzoguma tuyishira mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu.​—Yakobo 4:8.

 Ikibazo co kuzirikanako: Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?​—Yakobo 1:​13.