Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kuryamana n’uwo musangiye igitsina vyoba ari bibi?

Kuryamana n’uwo musangiye igitsina vyoba ari bibi?

 “Nkiri umuyabaga, mu ngorane nyamukuru nari mfise harimwo ugukunda n’abo dusangiye igitsina. Nibaza ko ari vyo bihe ndimwo kandi ko bizohera, ariko narabandanije kuguma niyumva gutyo.”—David w’imyaka 23.

 David ni umukirisu yipfuza guhimbara Imana. None yoshobora kuyihimbara kandi aciyumvamwo gutyo abo basangiye igitsina? Imana ibona gute ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

 Uko Bibiliya ibibona

 Ukuntu ivy’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bibonwa vyoshobora gutandukana bivanye n’imico y’ahantu canke ibihe abantu bagezemwo. Ariko abakirisu ntibajana n’ivyiyumviro biba biharawe canke ngo “[bajanwe] irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho.” (Abanyefeso 4:14) Ahubwo, uko babona ingeso y’ukuryamana kw’abasangiye igitsina (cokimwe n’izindi ngeso zifitaniye isano na yo), bishingiye ku mpanuro dusanga muri Bibiliya.

 Amabwirizwa ya Bibiliya ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina aratomoye. Ijambo ry’Imana rivuga riti:

  •  “Ntuze uryamane n’umugabo nk’uko uryamana n’umugore.”—Abalewi 18:22.

  •  “Imana, nk’uko ivyipfuzo vy’imitima yabo biri, ... yabahebeye nambu z’umubiri z’agaterasoni kuko abagore babo bahinduye uko imibiri yabo isanzwe ikoreshwa igasigara ikoreshwa ibidakorwa.”—Abaroma 1:24, 26.

  •  “Ntimuzimizwe. Nta basambanyi, canke abasenga ibigirwamana, canke abarenga ibigo, canke abagabo babikirwa kugirwako ibitagirwa, canke abagabo baryamana n’abagabo, canke ibisuma, canke abanyamunoho, canke imborerwa, canke abatukana, canke abanyazi bazotorana ubwami bw’Imana.”—1 Abakorinto 6:9, 10.

 Mu vy’ukuri, impanuro z’Imana zikora ku bantu bose; baba biyumvamwo mu vy’igitsina abo basangiye igitsina canke abo batagisangiye. Ku bw’ivyo rero, umwe wese ategerezwa kwigumya mu gihe yumvise ashaka gukora ibidahimbara Imana.—Abakolosayi 3:5.

 Vyoba bisobanura ko . . . ?

 Vyoba bisobanura ko Bibiliya iduhimiriza kwanka ababikora?

 Oya. Bibiliya ntiduhimiriza kugira numwe twanka, yaba uwuryamana n’uwo basangiye igitsina canke n’uwuryamana n’uwo batagisangiye. Ahubwo itubwira “[gukurikirana] ukugiranira amahoro n’abantu bose,” tutaravye uburyo babayeho. (Abaheburayo 12:14) Si vyiza gutoteza abaryamana n’abo basangiye igitsina, kubakorera ikibi canke kubafata nabi mu buryo na bumwe.

 Vyoba bisobanura ko abakirisu bakwiye kwiyamiriza amategeko yemerera abantu kubana basangiye igitsina?

 Bibiliya yerekana yuko ibwirizwa ry’Imana ryemera umubano hagati y’umugabo n’umugore. (Matayo 19:4-6) Ariko impari zihari ku bijanye n’amategeko y’abantu yerekeye ukubana kw’’abasangiye ibitsina, zerekeye abanyapolitike. Bibiliya ibwira abakirisu kuguma ata ho bahengamiye mu vya politike. (Yohani 18:36) Ku bw’ivyo, ntibigera bashigikira canke barwanya amategeko y’igihugu ajanye no kuryamana kw’abasangiye igitsina canke kubana hagati habo.

 Mugabo bite ho . . . ?

 Mugabo bite ho ku muntu aryamana n’abo basangiye igitsina? Vyoba bishoboka ko ahinduka?

 Ego. No mu kinjana ca mbere hariho abahindutse bahora babikora. Bibiliya imaze kuvuga ko abaryamana basangiye igitsina batazotorana Ubwami bw’Imana, ica ivuga iti: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze.”1 Abakorinto 6:11.

 Vyoba bisigura ko abahevye iyo ngeso batasubiriye kugira icipfuzo c’ivyo bahoramwo kera? Oya. Bibiliya ivuga iti: “Mwambare wa muntu mushasha, umwe agirwa mushasha biciye ku bumenyi butagira amakosa.” (Abakolosayi 3:10) Guhinduka ni ikintu kibandanya.

 Bite ho nimba umuntu ashaka guhimbara Imana, mugabo akaba agifise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina?

 Co kimwe n’bindi vyipfuzo, arakwiye kureka kwitsimbatazamwo ico cipfuzo canke kugishitsa. Uti gute? Bibiliya ivuga iti: “Gume mugenda mwisunga impwemu, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe.”—Abagalatiya 5:16.

 Urabona ko ico canditswe kitavuze ko umuntu atazogira icipfuzo c’umubiri. Ariko rero, uwo mugabo canke uwo mugore agize urutonde rwiza rwo kwiga Bibiliya no gusenga, bizotuma uronka inkomezi zo gutsinda ivyo vyipfuzo.

 Umwe David twavuga mu ntango, yasanze ico kintu ari ukuri na canecane amaze kubwira abavyeyi biwe ibijanye n’urwo rugamba arimwo. Avuga ati: “Wamengo bankuyeko umuzigo munini cane kandi iyo nza kubibabwira hakiri kare nari kuba nararushirije kuryohererwa ubuyabaga bwanje.”

 Uko bigenda kwose, kubaho dukurikiza impanuro za Yehova ni vyo bituma turushiriza kugira agahimbare. Turemera ko ari “[izi]gororotse, [zi]tuma umutima unezerwa,” kandi “kuzubahiriza birimwo impera nini.”—Zaburi 19:8, 11.